Uko wahagera

Ubudagi Bugiye Gukomeza Imigenderanire na EAC


Heiko Mass, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubudagi n’amakungu
Heiko Mass, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubudagi n’amakungu

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubudagi n’amakungu Heiko Mass yaragendeye icicaro c’umuryango wa Afrika y’ubuseruko I Arusha.

Yatangaje ko intumbero y’urugendo rwiwe rwambere muri Afrika ari ugukomeza imigenderanire hagati y’umugabane wa Afrika n’igihugu ciwe c’Ubudagi mu vy’intwaro ibereye.

Yaragiranye umubonano udasanzwe n’umunyamabanga mukuru w’umuryango w’Afrika y’ubuseruko Liberat Mfumukeko.

Mfumukeko yamenyesheje ko ibiganiro vyabo vyashimikiye ahanini ku gukomeza ubucuti hamwe no guca hirya no hino imigambi Ubudagi bufasha muri ako karere.

Yavuze ko igihugu c’Ubudagi gifasha bikomeye umuryango w’Afrika y’ubuseruko mu bisata vy’amagara y’abantu, indero n’ibindi.

“Nk’ubu imigambi dufise iriko ifatwa mumugongo mu karere iharurwa muma miliyoni arenga 120 y’amahera y’Amanyabulaya. Kuva mu myaka iheze, Ubudagi buramaze gufashisha akakarere imigambi y’amahera arenga imiliyoni 290 y’Amanyabulaya.”

Ikindi uwo mushitsi ava mu Budagi yashimikiyeko, n’ubutunzi hamwe no kurwanya ubukene. Aho igisata c’abikorera utwabo nico kiza imbere.

Ibice birenga 70 ku ijana vy’imfashanyo mvamakungu uwo muryango ukoresha, zitangwa n’ico gihugu c’Ubudagi.

Ambassaderi Mass yaragendeye n’ibindi bisata mpuzamakungu biri I Arusha nk’igisata ca ONU casubiriye sentare yacira imanza abakoze ihonyabwoko muri 94 mu Rwanda hamwe na sentare ya Afrika ijewe agateka ka zina muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG