Uko wahagera

Uburusiya: Batanu Bakekwa Ibikorwa vy'Iterabwoba Bafashwe


Russian police
Russian police

Abajejwe umutekano mu Burusiya batangaje kuri uyu wa gatanu ko bahagaritse mu gisagara ca Iaroslavl, mu buraruko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru Moscou, abantu batanu bakekwa kuba abo mu muhari w’iterabwoba wa Reta ya Kiyisilamu, bariko barategura ibitero vy’iterabwoba mu gihugu.

Abo bantu, bahagaritswe ku misi ya kane no kuwa gatanu mu bisagara n’intara zitandukanye z’Uburusiya.

Abajejwe umutekano bamenyesha ko batoye amabombe yakozwe n’intoke, ibisasu biturika, ibirwanisho bicira umuriro hamwe n’amasasu.

Uburusiya buvuga ko uyo murwi w’abakora iterabwoba bakoresha imirwi y’abantu bakoresha ubuhinga bwa Telegram.

Mu ntumbero yo gutuza iterabwoba abategetsi b’Uburusiya bafashe ingingo mu kwezi kwa kane yo guhagarika ubutumwa bwandikwa buciye ku buhinga bwa Telegram, bukoreshwa cane mu Burusiya.

Bamwe banegura Reta y’Uburusiya ko ari uburyo bwo kugenzura ibivugwa no kuzivya abatavugarumwe n’ubutegetsi.

Abo bakekwa iterabwoba bahagaritswe mugihe hasigaye imisi itatu ngo Perezida Vladimir Poutine yimikwe, ku musi wa mbere, n’indwi zitandatu zisigaye ngo habe amahiganwa mpuzamakungu y’umupira w’amaguru kw’isi mu Burusiya mu matariki ya 14 z’ukwezi kwa gatandatu gushika 15 z’ukwezi kw’indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG