Uko wahagera

Irani Ntikiroka Congera Kuganira ku Masezerano ya Nikleyeli


Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire Mohammad Javad Zarif ashikiriza ijambo i Teheran.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yashikirije kuri uyu wa kane ko igihugu ciwe kitazosubira kuganira ku masezerano yo Nikleyeli cumvikanyeko n’ibihugu rutura kw’isi mu mwaka wa 2015. Ivyo abishikirije mugihe hasigaye imisi mike ngo ikiringo Perezida Donald Trump yihaye co gufata ingingo yo kuguma canke kuvavanura n’ayo masezerano gishike.

Igihugu ca Irani gishikiriza ko mugihe Amerika yoyakuramwo akarenge naco coca gikurikira, kandi ko kitazemera na kimwe cohinduka gihushanye n’uko ayo masezerano yemejwe.

Ntaco Reta ya Trump irashikiriza kuri ivyo vyashikirijwe n’igihugu ca Irani.

Ibihugu bitatu vya Buraya vyateye umukono kuri ayo masezerano arivyo, Ubwongereza, Ubufaransa hamwe n’Ubudagi vyamye bigerageza kugondoza Trump ngo ntayavemwo.

Ubushinwa n’Uburusiya navyo nyene vyarayasinye. Ivyo bihugu vyose vyayateyeko umukono biri mu nama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw'isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG