Uko wahagera

CPI Isaba Abategetsi ba RDC Gutohoza ku Vyaha Vyakozwe mu Gihugu


Umushikirizamanza mukuru wa CPI, Fatou Bensouda mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Kinshasa, RDC, Itariki 3/05/2018
Umushikirizamanza mukuru wa CPI, Fatou Bensouda mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Kinshasa, RDC, Itariki 3/05/2018

Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI, Fatou Bensouda, ejo kuwa kane i Kinshasa yasavye abategetsi b’ico gihugu gukora amatohoza ku bwicanyi bwakorewe muri ico gihugu, ariko ntiyishura kubisabwa n’abaharanira agateka ka muntu.

Bensouda yagize ati "Ni ngombwa ko hagira igikorwa ku bagirizwa ubwo bwicanyi ", Yabishikirije amabenyeshamakuru inyuma y’urugendo rw’imisi ibiri yari amazemwo muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Amenyesha kandi ko ashimishwa n’intambwe zimaze guterwa muri ayo matohoza ku rwego rw’igihugu, ariko ahamagarira abategetsi kwongereza inguvu muri ivyo bikorwa.

Inama nshingamateka y’Abanyabulaya hamwe n’umuhari “le mouvement citoyen Congolais debout” bari basavye CPI gutohoza ku vyaha bibangamira agateka ka muntu muri RDC.

Fatou Bensouda arongoye CPI yari yashitse i Kinshasa ku musi wa kabiri, abonana na Perezida Joseph Kabila, imigambwe ya Politike, abategetsi bo mu rwego rw'ubutungane hamwe n'abarongoye amashirahamwe adaharanira inyungu za politike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG