Uko wahagera

Mozambike: Afonso Dhlakama wa RENAMO Yapfuye


Afonso Dhlakama encontro Nyusi
Afonso Dhlakama encontro Nyusi

Umukuru w'umuhari urwanya reta ya Mozambique, Afonso Dhlakama yarapfuye kuri uyu wa kane, nkuko amakuru ava mu mugambwe RENAMO, ukomeye mu yirwanya reta abivuga.

Amakuru ava muri uyo mugambwe no mu muryango wiwe avuga ko Dhlakama yapfiriye mu misozi ya Gorongosa, aho yibera kuva mu mwaka wa 2013, igihe intambara yongera kwaduka muri Mozambike.

Icamwishe ntikiramenyekana gushika ubu, ariko amakuru amwe avuga ko yahitanywe n’indwara y’umutima, abandi bakavuga igisukari, canke Diabete.

Dhlakama yarongoye umuhari RENAMO hafi imyaka 40, harimwo 16 yamaze arwanya umugambwe uri ku butegetsi FRELIMO, intambara yarangiye mu mwaka w’1992. Umuhari RENAMO waciye uhinduka umugambwe wa Politike utavuga rumwe n’ubutegetsi ariko ugumana ishami rya gisirikare.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG