Uko wahagera

Antonio Guterres Ahamagarira Ituze muri Centrafrika 


Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, mu nama yo ku rwego rwo hejuru yo kubungabunga amahoro, ku cicaro ca ONU i New York, itariki 24/04/2018.
Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, mu nama yo ku rwego rwo hejuru yo kubungabunga amahoro, ku cicaro ca ONU i New York, itariki 24/04/2018.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yateye akamo mw’itangazo, uno musi ku wa kane, ko umutekano wokwubahirizwa muri Republika ya Centrafrika. Yasavye abategetsi b’ico gihugu kugira itohoza ku bitero vyabaye incuro zitari nke mu misi ya vuba muri ico gihugu.

Antonio Guterres asaba abantu bose begwa n’uruhagarara muri Centrafrika gukora uko bashobora kugira bagarukane amahoro n’umutekano mu gihugu. Ariyamiriza ubwicanyi bwabaye muri Centrafrika kw’italiki ya mbere y’uku kwezi kwa gatanu ku murwa mukuru, Bangui. Asaba abategetsi b’ico gihugu gushira imbere y’intahe bidatevye abakoze ubwo biwcanyi.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Guterres, abandanya guterwa impungenge n’amajambo aturira abandanya kuvurwa muri Centrafrika. Amenyesha kw’ata nsinguro ishobora gutangwa ku vyerekeye gukokeza ubwicanyi canke urwanko.

Amakuru yatanzwe n’abajejwe amagara y’abantu ku musi wa gatatu yatangaje kw’abantu 24 bishwe, abandi 170 barakomereka ku murwa mukuru, Bangui mu gutana mu mitwe kwabaye ku musi wa kabiri.

Prezida wa Centrafrika, Faustin-Archange Touadera, yariyamirije ku musi wa gatatu ikoreshwa ry’amadini ku mpamvu za politike bikorwa n’imirwi yitwaje ibirwanisho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG