Uko wahagera

Ubwicanyi muri Centrafrika Bwahitanye Abantu 17


Centrafrika kw'ikarata
Centrafrika kw'ikarata

Ubwicanyi bwabaye ejo ku musi wa kabiri kw’ishengero, ku musigiti, no kw’ivuriro biri ku murwa mukuru wa Republika ya Centrafrika, bwahitanye abantu 16 muri bo hakaba harimwo umupadiri. Vyatangajwe n’ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare, ibitaro, hamwe na ONU.

Ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe, "Medecins Sans Frontieres" ryo ryatangaje ko hapfuye abantu batandatu, rihamagarira umutekano inyuma yaho abanyagihugu bamwe bamwe bagabishije ibitero ku bitaro SICA, aho abantu bashika kuri mirongo itanu barashwe hamwe n’abakomerekeye muri ivyo bitero bariko baravurigwa.

Hari hamaze imisi hari icuka kibi ku murwa mukuru Bangui inyuma y'aho mu ntango z’ukwezi kwa kane inteko za ONU hamwe n’abasirikare ba Reta batanguriye ibikorwa vya gisirikare mu kigwati kigizwe ahanini n’Abayislamu ba PK5. Ivyo bikorwa vya gisirikare vyari bigizwe ahanini n’ukwaka ibigwanisho imigwi y'abagwanyi, ariko abakuru b’iyo migwi baranse kubitanga.

Ibiziga vy’abasivile cumi n’indwi baguye mu bitero vyabaye ejo ku musi wa kabiri vyashizwe imbere y’ibiro vy’inteko za ONU haciye umwanya muto bagandaguwe.

Ishirahamwe, "Medecins Sans Frontieres" ritangaza ko ubwo bwicanyi bwatanguye mu kigwati ca PK5 n’icitwa Fatima.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG