Uko wahagera

Reta ya Gabon Yatanze Imihoho


Perezida wa Gabon Ali Bongo mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Libreville, itariki 24/09/2016.

Reta y’igihugu ca Gabon yaratanze imihoho kuri uyu wa kabiri, umusi umwe inyuma y’aho sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro y'ico gihugu ihagaritse inama nshingamateka, yari yasavye itanga imihoho rya reta.

Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yagiriza reta kuba yarananiwe gutunganya amatora y’abashingamateka ku gihe, inyuma yo kuyunguruza incuro zibiri kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka wa 2016.

Inama nkenguzamateka ni yo ica iba irasubiriye inama nshingamateka mu kurindira ko hatorwa abashingamateka bashasha, nk'uko vyashikirijwe n’iyo sentare kuri uyu wa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG