Uko wahagera

Umukuru wa CPI Ari mu Rugendo i Kinshasa


Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI) Fatou Bensouda i La Haye, itariki 8/04/2018.
Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI) Fatou Bensouda i La Haye, itariki 8/04/2018.

Umukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI) ari i Kinshasa, mu gihe raporo iheruka gusohorwa na ONU yagiriza abajejwe umutekano muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo kuburabuza amatohoza ku bwicanyi bwakorewe abahinga babiri ba ONU mu ntara ya Kasai, haraheze umwaka urenga.

Amakuru ava mu bubahiriza agateka ka muntu aremeza urugendo rwa Fatou Bensouda ku murwa mukuru wa RDC.

Ijwi ry’Amerika ntiryashoboye kuronka abagize reta ya Kongo kugira bagire ico bavuze kuri urwo rugendo rw’umushikirizamanza mukuru wa CPI.

Bensouda yari yashikirije mu kwezi kwa gatatu umwaka wa 2017 ko CPI ihagaritswe umutima n’ubwicanyi bubera mu ntara zitanu ziri muri Kasai, hagati muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres yarungitse muri ico gihugu abatohoza, gufasha abategetsi kuronka umuco ku bakoze ubwicanyi bwahitanye Zaida Catalan, umusuede hamwe n’Umunyamerika Michael Sharp kw’igenekerezo rya 12 z’ukwezi kwa gatatu 2017.

Abo bahinga babiri biciwe mu ntara ya Kasaï bariko baratohoza ku binogo rusangi vyahambwemwo abantu benshi.

Raporo ya ONU yashikirijwe inama ijejwe amahoro n’umutekano haraheze indwi zibiri ivuga ko abantu batari bake bafashwe, ariko ko abajejwe umutekano babandanya baburizamwo ayo matohoza.

Umunyamabanga mukuru wa ONU ategekanya kugira urugendo mu mezi ari imbere i Kinshasa ari kumwe n’umukuru wa Komisiyo y’Ubumwe bw’Afurika Moussa Faki Mahamat, mu biganiro na perezida Joseph Kabila ku matora y’umukuru w’igihugu yo mu mpera z’umwaka wa 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG