Uko wahagera

Sudani y'Epfo: Abatanga Imfashanyo 10 bari Baranyurujwe Baridegemvya


Abakozi cumi bo mu mashirahamwe atanga imfashanyo muri Sudani y’epfo bari baranyurujwe mu ndwi iheze mu bumanuko bw’ico gihugu bararekuwe, ivyo vyashikirijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ritabara imbabare, Croix-Rouge.

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe imfashanyo, Ocha vyari vyatangaje ku musi wa kane ko abo bakozi babuzwe irengero kandi ko boba bari baranyurujwe, inyuma y’aho imodoka barimwo ziterewe mu bumanuko bushira uburengero bw’ico gihugu.

Abo bakozi cumi, bose bari AbanyaSudani y’epfo, bakorera amashirahamwe Ocha, Unicef n’ayandi ategamiye reta.

Koloneli Lam Paul Gabriel, avugira umurwi w’abarwanya reta ba SPLA-IO yemeye ko abo bakozi batanga imfashanyo bafashwe kuko binjiye mu gace badafitiye uburengenzira.

Abakozi batanga imfashanyo bama bishwe kuva Sudani y’epfo yinjiye mu ntambara. Kubw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, abashika ijana baramaze kwicwa kuva mu mpera z’umwaka w’2013.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG