Uko wahagera

Umunywanyi wa CNDD-FDD Yakatiwe Itatu y'Igifungo


Urubanza
Urubanza

Umunyororo w’imyaka itatu, ni co gihano parake ikukira sentare ya Bujumbura yaciriye umunywanyi wa CNDD-FDD, Melchiade Nzophabarushe. Hari mu rubanza rw’ikibiriraho rwo kuri uno wa mbere. Urwo rubanza rwabereye mw’ibohero rikuru rya Mpimba aho apfungiwe.

Inyuma y’umusi umwe ari mw’ibohero rikuru rya mpimba Nzophabarushe yarengutse mu rubanza rw’ikibiriraho ari mu mwambaro w’icatsi kibisi aherekejwe n’uwumwunganira. Babanje kwanka kuburanishwa mu rubanza rw’ikibiriraho ariko birasendwa. Uwuburanira Leta yasavye sentare kuburanisha urubanza.

Uwo yahoze ari mu bakozi bakuru b’ishirahamwe rivuza abakozi ba Leta Mutuelle ubu bivugwa ko ata kazi afise, akurikiranwa ku caha c’iterabwoba. Iryo terabwoba ni iryo kw’igenekerezo rya 15 kuno kwezi kwa kane.

Mu nama ari kumwe n’imvukira za CNDD-FDD i Mutumba muri komine kabezi y’intara ya Bujumbura, Nzophabarushe yashikirije ko uwutazokwemeza ibwirizwa nshingiro azotabwa mu kiyaga Tanganyika. Ivyo atahakanye, ariko agasaba ko urubanza rwiwe rwoburanishwa ibisanzwe.

Umushikirizamanza yakomeje kubwira Nzophabarushe ko urwo rubanza rwabaye urw’ikibiriraho kuko ariho vyari bikimenyekana.

Ibitabujije ko asabirwa n’uwuburanira Leta umunyororo w’imyaka itandatu n’ihadabu ry’ibihumbi 300 vy’amafaranga y’Amarundi.

Inyuma y’umwiherero w’abagize intahe, parake ikukira sentare ya Bujumbura yashikirije ko Nzophabarushe yaciriwe umunyororo w’imyaka itatu ku caha yagirizwa co kugumura no gutera ubwoba abo yise abakeba ba CNDD-FDD.

Umugambwe CNDD-FDD usa n’uwakuyeko amaboko umunywanyi wawo kuko nawo wari waje kumushengeza mu butungane.

Indishi y’akababaro yari yasabwe n’uwuburanira uwo mugambwe wiyamiriza ko utamutumye gutoteza abatavuga rumwe nawo. Ku bisabwa n’uwunganira uwo muryango wa politike, sentare yabwiye uwo aburanira umugambwe uri ku butegetsi gushingisha urubanza.

Uwunganira uwashengejwe atashimye kugira ico abwiye abamenyeshamakuru yashikirije ko atashimye ingingo ya sentare. Yavuze gusa ko we n’uwo yunganira bagiye kunguruza.

Mu runani «Amizero y’Abarundi barashimishwa n’ihagarikwa ry’uwo yagirizwa guhohotera abo batavuga rumwe mu vya politike. Pierre Célestin Ndikumana yabwiye Ijwi ry’Amerika ko atari uwo wenyene mu bari mu mugambwe CNDD-FDD akoresha imvugo nk’iyo muri bino biringo. Uwo arongoye umurwi w’abashingamateka b’Amizero y’abarundi asaba amatohoza yimbitse.

Eka n’inama nkuru y’igihugu ijejwe gukinga ihonyabwoko n’ayandi mabi mu Burundi yiyamiriza ivyashikirijwe na Melchiade Nzophabarushe kw’igenekerezo rya 28 ukwezi kwa kane.

Itangazo ryateweko igikumu na Jean De Dieu Mutabazi arongoye iyo nama kuri uno wa mbere rifise akamo ritera abanyepolitike. Baba abigisha gutora Ego canke Oya mu matora y’ibwirizwa nshingiro yimirije basabwa kwirinda ico cose coza gicanishamwo Abarundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG