Uko wahagera

Intambara Mu Karere Ka Efurate Muri Siriya


Aleppo
Aleppo

Kuri uyu musi wa mungu igisirikare ca Siriya cari cafashe ibigwati bitari bike biri mu buseruko bw’uruzi Efurate imbere y’uko abagwanyi ba Syrian Democratic Forces (SDF) bashigikiwe na Reta zunze ubumwe za Amerika bavyigarurira. Vyatangajwe kuri uno musi n’ikinyamakuru ca reta ya Siriya.

Abagwanyi ba SDF bayoboywe ahanini n’abarobeli b’abaKurd ba YPG, bamenyesheje ko kuri uno musi wa mungu batanye mumitwe n'igisirikare ca reta ya Syria, bacegeza kure cane y’ibindi bigwati bine cari carafashe.

Ivyo bibaye inyuma yaho ikinyamakuru ca reta SANA cari giheruka gutangaza ko igisirikare ca Siriya gishigikiwe n’Uburusiya cari carafashe ivyo bigwati bine vyahora mu minwe y’abo bagwanyi ba SDF. Iryo tana mumitwe ryabaye hafi y’umugwa mukuru w’intara ya Deir el-Zour.

Intambara hagati y'iyo migwi ibiri ntiyari iherutse. Ni mugihe igisirikare ca Syria cari kimaze igihe gishira inguvu zaco mu kugwanya umugwi uharanira reta ya kislamu muburengero bw’urwo ruzi rwa Efurate nyene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG