Uko wahagera

Sudani y'Epfo: Abakozi ba ONU Batanga Imfashanyo 10 Barabuzwe Irengero


Abategetsi ba ONU bamenyesha ko abakozi cumi mu batanga imfashanyo babuzwe irengero muri Sudani y’epfo mu buryo budatomotse.

Ibiro vya ONU bijejwe imfashanyo OCHA, vyavuze ko abo bakoze batanguye kubura ku musi wa gatatu aho bari hanze y’igisagara ca Yei, umurwa mukuru wa reta ya Yei River. OCHA yavuze ko bari mu miduga baja muri komini ya Tore kuraba ibikenewe vyo gufasha abanyagihugu.

Umuvugizi w’igisirikare ca Sudani y’epfo, Brigadier General Lul Ruai Koang yavuze ko ataramenyeshwa ayo makuru, ariko avyegeka ku mirwi irwanya reta irongowe na Riek Machar hamwe n’uwahoze ari icegera c’umukuru w’umuhari urwana SPLA, Thomas Cirilo kuba aribo banyuruje abo bakozi.

Bugize kabiri abakozi batanga imfashanyo banyuruzwa n’imirwi y’abarwanyi muri uku kwezi kandi bubaye ubugira gatatu mu mezi atandatu aheze muri Sudani y’epfo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG