Uko wahagera

Perezida Trump Azogenderera Ubwongereza mu Kwezi kw'Indwi


Perezida Donald Trump abonana n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May mu nama y'ubutunzi, itariki 25/01/2018, i Davos.
Perezida Donald Trump abonana n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May mu nama y'ubutunzi, itariki 25/01/2018, i Davos.

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika ategekanya kuzogendera Ubwongereza kw’igenekerezo rya 13 z’ukwezi kwa ndwi. Ruzoba ari urugendo rw’akazi.

Ivyo vyatangajwe kuri uyu wa kane na Sekreteri ajejwe kumenyesha amakuru muri White House, Sarah Huckabee Sanders ku ruhande rw’Amerika, hamwe n’ibiro vy’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Thereza May.

Urugendo nk’uru mu Bwongereza rwarasibijwe mu ntango z’uyu mwaka, igihe Trump yagira aje mu birori vyo kwugurura Ambasade nshasha y’Amerika i Londres, inyubakwa yubatswe ku muriyaridi umwe w’Amadolari y’Abanyamerika, Trump yavuze ko ari umurengera. yarusibije inyuma y’aho abwiriwe ko hari abashobora kwihereza amabarabara bakamwiyamiriza.

Ikibanza c’aho azoja ntikiratangazwa ariko hari urukurukuru ruvuga ko azoja inyuma y’umurwa mukuru Londres, kumbure mu nyubakwa y’umushikiranganji wa mbere, iri ku birometero 65 uva i Londres.

Uguhanahana ibidandaza nico kizoba gikuru mu bizoganirwako muri urwo rugendo rw’akazi, hatibagiwe ivya poritike n'ubutunzi, mugihe Ubwongereza bugiye kwibako inyuma yo kuva mu muryango w’Ubumwe bwa Burayi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG