Uko wahagera

Tanzaniya Irahangana n'Abaharanira Ubwigenge Bwabo


Reta ya Tanzaniya iriko iragerageza kuburizamwo imyiyerekano yatumweko kuri uyu wa kane, itumbereye kwiyamiriza amategeko ahonyanga ubwigenge ku banyepolitike hamwe n’abamenyeshamakuru, amategeko yashinzwe kuva Perezida John Magufuli ashikiriye ubutegetsi, haraheze imyaka itatu.

Abategetsi bagabishije abategura kuja mu mabarabara muri ico gihugu co muri Afrika y’Ubuseruko, kandi kimwe mu bihugu vyo ku mugabane w’Afrika bitekanye. Iyo myiyerekano itegekanijwe kandi no mu ma Ambasade y’ico gihugu mu makungu, harimwo na Washington.

Iyo myiyerekano ikomeye iteguwe kuri uyu wa kane, itariki 26 z’ukwezi kwa kane, aho igihugu ca Tanzaniya gihimbaza umusi w’Ubwiyunge, igihe Tanganyika na Zanzibar vyaja hamwe.

Magufuli yagabishije ko abajejwe umutekano biteguye guhangana n’uwo wese ahava yitabira ico yise "imyiyerekano iteye kubiri n’amategeko".

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG