Uko wahagera

Igitero Cyahitanye Abantu 15 muri Nijeriya


Abasirikare ba Nijeriya bameze magabo mu bitero n'umuhari w'iterabwoba wa Boko Haram hafi y'imihana y'i Fotokol, muri Kameruni.
Abasirikare ba Nijeriya bameze magabo mu bitero n'umuhari w'iterabwoba wa Boko Haram hafi y'imihana y'i Fotokol, muri Kameruni.

Abategetsi mu gihugu ca Nijeriya bavuga ko abantu bwitwaje ibirwanisho bishe abantu 15 mu gitero bagize mu masaha yo mu gitondo kw’isengero y’Abakatolika. Muri abo harimwo abapadiri babiri. Ico gitero cabereye ahitwa Ayar-Mbalom mu ntara ya Benue.

Prezida wa Nijeriya, Muhammadu Buhari, yavuze ko ico gitero cagizwe ku nyubakwa abantu basengeramwo kigayitse cane. Atangaza ko ari akigoro ko gukokeza intambara ifatiye ku madini. Terver Akase, umufasha mu bijanye n’itangazamakuru wa bulamatari w’intara ya Benue, avuga ko abagize igitero c’uno musi ku wa gatanu baturiye kandi inzu 50.

Intara ya Benue iri hagati mu gihugu ca Nijeriya. Iyo ntara yarageramiwe n’ibitero bitari bike mu ndwi nkeyi zirangiye. Vyinshi muri ivyo bitero bifatiye ku matati amaze igihe kirekire hagati y’abarimyi n’aborozi.

Mu misi mikeyi irangiye, abantu 10 barishwe bikekwa ko ari aborozi muri iyo ntara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG