Uko wahagera

USA n'Ubufaransa Bipfuza Ibiganiro Vyagutse kuri Nikleyeli ya Irani


Donald Trump, na Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron, bariko barasangirira hamwe, muri White House i Washington, itariki 24/04/2018.
Donald Trump, na Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron, bariko barasangirira hamwe, muri White House i Washington, itariki 24/04/2018.

Abakuru b’ibihugu vya Reta zunze ubumwe z’Amerika n’Ubufaransa basaba ko hoba ibindi biganiro vyagutse na Irani. Ni mu rugendo rw'imisi ibiri Perezida Emmanuel Macron arimwo muri Amerika.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri abo ba perezida babiri ntibatomoye nimba Perezida Donald Trump azogumiza igihugu ciwe muri ayo masezerano na Teherani.

Perezida Macron yagize ati: "Sinzi ingingo Perezida Trump azofata kuri ayo masezerano," yariko avuga nimba Trump azokwongereza ibindi bihano kuri Irani mugihe mu kwezi kuza ariho bitegekanijwe ko Amerika igaragaza ico yiyumvira.

Trump yongeye gushikiriza kuri uyu wa kabiri ko adashigikiye ayo masezerano, ayita ko ari mabi kandi ari ibitwenza kandi ko atari akwiye kwemeza uko ameze.

Igihugu ca Irani kivuga ko mugihe ibihano vyokwongerezwa, ayo masezerano yoba apfuye, kandi perezida w’ico gihugu, Hassan Rouhani, yagabishije kuri uyu wa kabiri ko hazoba ingaruka mbi mugihe Reta zunze ubumwe z’Amerika zokwidohora muri ayo masezerano.

Yongeyeko avuga ko vyoca bitera akajagari hagati y’ibihugu bishigikiye Irani kandi vyota mu kaga k’intambara itazohera akarere kose ko mu burasirazuba bwo hagati canke ibihugu vy’Abarabu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG