Uko wahagera

Touadera Asaba Abandi Basirikare ba ONU muri Centrafrika


Perezida wa Centrafrika, Faustin-Archange Touadera mu kiganiro abamenyashamakuru i Bangui, itariki 11/04/2018.
Perezida wa Centrafrika, Faustin-Archange Touadera mu kiganiro abamenyashamakuru i Bangui, itariki 11/04/2018.

Perezida wa Republika ya Centrafrika, Faustin-Archange Touadera, yasavye inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kwongereza abasirikare ba ONU ba Minusca mu gihugu ciwe kandi bakagaba ibitero ku mihari y’abarwanyi igisibije mu gihugu.

Touadera yabishikirije mu nama ya ONU y’imisi ibiri, ifise intego yo kubungabunga amahoro kw'isi.

Mwomenya ko Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rifise abakozi barenga ibihumbi 12 barimwo abasirikare ibihumbi 10.

Amakuru ava mu ba diplomate ba ONU avuga ko Uburusiya bwoba bwarasavye kurungika abasirikare babwo muri izo nteko za Minusca.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG