Uko wahagera

USA: George Bush Yinjijwe Ibitaro

George H. W. Bush yahoze ari perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, mu rusengero St. Martin's Episcopal Church i Houston, Texas, Itariki 20/04/2018.
George H. W. Bush yahoze ari perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, mu rusengero St. Martin's Episcopal Church i Houston, Texas, Itariki 20/04/2018.

George H. W. Bush, yahoze ari Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, w’imyaka 94 y’amavuko, yarinjiye ibitaro vyo mu gisagara ca Houston ku musi w’Imana inyuma y’aho agiriye infection mu maraso. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’umuryango wiwe.

Bush, yatwaye Amerika ikiringo kimwe gusa kuva mu mwaka w’1989 gushika 1993, yagiye mu bitaro akatari gake mu myaka yaheze aho afise ibibazo vyo mu mahaha no guhema.

Ni inyuma y'aho Barbara Bush, yahoze ari umutambukanyi wiwe nawe aheruka kwitaba Imana kw’itariki ya 17 z’ukwezi kwa kane. Bari babanye imyaka 73.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG