Igiporisi muri Canada cafashe umushoferi yagonze abantu bari ku maguru i Toronto kuri uyu wa mbere, yica abantu icenda akomeretsa 16.
Igiporisi nticatanze ibiranga uwo mushoferi, hamwe n'icatumye akora ivyo ariko cavuze ko amatohoza ashobora kuba maremare kandi agoye.
Icegera c’umukuru w’igiporisi, Peter Yuen yavuze ko hari abatari bake babonye ivyabaye kandi abasaba kuvuga ivyo babonye.
Umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau yavuze ko umutima wiwe wifatanije n’abashikiwe n’ivyo vyago kandi ashimira abahashitse ubwa mbere gutabara.
Facebook Forum