Hasigaye amezi make kugira habe amatora y’umukuru w’igihugu muri Zimbabwe. Kuri uno musi wa mbere, igipolisi catangaje imwe mu ngingo cafashe kugira gikinge amabi yose yokorwa mu bihe vy’amatora.
Erasmus Makodza niwe mutegetsi mukuru w’umugwi mushasha ujejwe umutekano mu bihe vy’amatora. Avuga ati “Twebwe tuvuga duti oya, ku bugizi bwa nabi mubihe vy’amatora. Twipfuza ko haba amatora azorangwa n’umwidegemvyo, yemewe, kandi akozwe k’umugaragaro."
Yongeye ati :"Ni vyo buri munyezimbabwe yipfuza kandi ni navyo buri muntu mu turere twose tw’igihugu yipfuza. Imigwi mpuzamakungu ijejwe guhagararira amatora nayo nyene ni vyo itwipfuriza.Tugiye gushira mu ngiro ivyo twavuze kandi tuzokora ibishoboka kugira dukinge ubugizi bwa nabi ubwari bwo bwose”.
Makodza avuga ko umugwi wiwe mushasha witeguriye gukurikiranira hafi amanama n’amahuriro y’imigambwe ya politike kugira habaye icaduka muri yo bazobe bari hafi. Avuga ko uwuzoza ahungabanya umutekano canke ashishikariza ubwicanyi mubihe vy’amatora ashobora guhanwa ikiringo gishika ku myaka cumi mu munyororo.
Abanyezimbabwe biteguriye kwitaba amatora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kw’indwi canke ukw’umunani mur’uyu mwaka.
Facebook Forum