Uko wahagera

Libiya: Abimukira 11 Barapfiriye muri Mediterane


Abimukira batabarwa n'abaporisi ba Libiya bakorera ku nkengera za Mediterane.

Ibiziga vy’abimukira bishika kuri 11 nivyo vyatowe, abandi 263 baratabarwa ku musi w’Imana mu bikorwa vyakozwe n'igiporisi gikorera mu mazi ku nkengera za Libiya.

Umuvugizi w’igiporisi ca Libiya, Ayoub Kacem, avuga ko ivyo vyabaye igihe ubwato barimwo bwihindukiza burabasesa, hari ku birometero 70 mu burengero, uvuye ku murwa mukuru Tripoli.

Kuva intwaro ya Mouammar Kadhafi isenyuwe mu mwaka w’2011, igihugu ca Libiya caciye gicika umuhora w’abimukira baja kurondera ubuzima bwiza ku mugabane wa Buraya.

Kuva mu ntango z’umwaka wa 2018, abimukira bashika 359 barapfiriye muri Mediterane, mugihe mu mwaka uheze mugihe nk’iki, 1020 aribo bari bamaze gupfa, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n'abimukira (OIM).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG