Uko wahagera

USA: Abantu Bane Barishwe Barashwe i Nashville


Igiporisi cashitse ku nzu y'uburiro hafi yi' Nashville, ahiciwe abantu bane, Itariki 22 z'ukwezi kwa kane, 2018.
Igiporisi cashitse ku nzu y'uburiro hafi yi' Nashville, ahiciwe abantu bane, Itariki 22 z'ukwezi kwa kane, 2018.

Igiporisi kiri mu ruhigi rw’umugabo yishe abantu bane akomeretsa abatari bake abarashe mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu rishira uw'Imana, aho bariko barafungura mu nzu y’uburiro, mu gisagara ca Nashville, muri reta ya Tennessee, muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Igiporisi c'i Nashville kivuga ko uwo mugabo yakoze iryo bara afise imyaka 29 y’amavuko kandi azwi kw'izina rya Travis Reinking.

Abari aho vyabereye bavuga ko umwe mubari muri ubwo buriro yarinze aramurwanya gushika aho amwaka inkoho, uwo mugizi wa nabi aca abona kwiruka ata mpuzu n’imwe yambaye.

Igiporisi kivuga kandi ko yoba yari afise indwara zo mu mutwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG