Uko wahagera

Ramaphosa Ahuye n'Imyiyerekano ya Mbere mu Butegetsi Bwe


Perezida w’igihugu ca Afurika y’epfo, Cyril Ramaphosa, yavuye hakiri kare mu nama ya Commonwealth i Londres. Iyi nama ihuza ahanini ibihugu vyahoze bikolonijwe n’Ubwongereza.

Ibiro vya visi-perezida vyatangaje ko Ramaphosa agiye guhangana n’imyiyerekano ikomeye iriko ibera mu gihugu ciwe.

Ramaphosa yerekanye impungenge zikomeye ku ruhagarara ruri mu ntara yo mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu hamwe n’amakuru avuga ko habaye ugutana mu mitwe hagati y’igipolisi n’abari mu myiyerekano.

Prezida Ramaphosa yasavye abantu kuguma batekanye n’ukwubahiriza amategeko muri iyo ntara. Yasavye abafise ivyo bidogera bose kubigira biciye mu mahoro aho gukoresha inguvu n’akajagari. Yongeye asaba abajejwe umutekano kudakoresha inguvu z’umurengera.

Igipolisi carashe insoro z’imipira ku bari mu myiyerekano uno musi ku wa gatanu. Amamanganzini yasahuwe, amabarabara arazibirwa, imodoka ziraturirwa n’abari mu myiyerekano. Abantu bashika kuri 23 bahagaritswe. Yashitse mu ntara yo mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu, uno musi ku wa gatanu, aho yagiranye ibiganiro n’abategetsi baho. Iyo ntara yaranzwe n’uruhagarara rufatiye ku kutaronka uburaro, kudashobora kwivuza n’ukubura akazi.

Iyo myiyerekano ni co kibazo gikomeye ca mbere Perezida Ramaphosa agiye guhangana na co kuva ashitse ku butegetsi mu kwezi kwa kabiri. Ico gihe arahira, yemeye gusubira kunagura ubutunzi n’ukurandurana n’imizi ruswa mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG