Uko wahagera

Arsene Wenger Yasezeye mu Murwi Arsenal


Arsene Wenger yasezeye

Arsene Wenger, umumenyereza mukuru w’umurwi w’umupira w’amaguru wa Arsenal wo mu gihugu c’Ubwongereza, yatangaje kw’azosezera uwo murwi mu mpera z’ikiringo ca Championnat y’uyu mwaka.

Azoba arangije imyaka 22i ari umumenyereza mukuru w’umurwi Arsenal.

Asezeye hasigaye umwaka ngo amasezerano n'umurwi wiwe ya nyuma arangire.

Umurwi Arsenal uri mu kibanza ca gatandatu muri championnat y’uyu mwaka mu Bwongereza. Bikaba ari ibigaragara ko uwo murwi utazoshobora kurangiza mu mirwi ine ya mbere uyu mwaka.

Ikizoba kibaye ikiringo kigira kabiri ca champinnat y’Ubwongereza, umurwi Arsenal udashobora kurangiza mu mirwi ine ya mbere wikwirikiranya.

Uburyo bwonyene Arsenal ishobora kugaruka mu gikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya n’ugutsinda igikombe ca Europa League.

Arsene Wenger, muri iki gihe afise imyaka 68, yatsindiye ibikombe vya championnat y’Ubwongereza bitatu n’ibikombe indwi vya FA.

Wenger yatangaje ko kuba yabaye umumenyereza makuru wa Arsenal mu kiringo c’imyaka itari mike ryabaye iteka rikomeye kuriwe.

Abetegetsi b’umurwi Arsenal bavuga ko uwuzomusubirira azogenwa mu buryo bwihuta bushoboka.

Arsene Wenger yagenyewe kuba umumenyereza mukuru wa Arsenal kw’italiki imwe y’ukwezi kw’icumi mu mwaka w’i 1996. Niwe mumenyereza mukuru yari amaze igihe kirekire cane kurusha abandi bamenyereza.

Mu myaka itari mike yiwe ya nyuma mu mabanga y’umumenyereza mukuru, inguvu z’umurwi Arsenal zagiye ziragabanuka ku buyro imyidogo y’abarorerezi yagiye iryiyongera ku buryo badugije amajwi yabo hejuru basaba ko asezera.

Mu nkino za nyuma vyaribonekeje ko abarorerezi batari bake bagiye barihoza inkino z’umurwi Arsenal.

Abitegereza ibintu bakaba bavuga ko biri mu vyaruhiye gutuma afata ingingo y’ugusezera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG