Uko wahagera

Sudani: Umushikiranganji w'Imigenderanire Yabogojwe


Umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu Ibrahim Ghandour, mu nama ya ONU igira 70 i New York, USA, itariki 02/10/2015
Umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu Ibrahim Ghandour, mu nama ya ONU igira 70 i New York, USA, itariki 02/10/2015

Perezida wa Sudani, Omar el-Béchir yarakuye mu mabanga kuri uyu wa kane umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Ibrahim Ghandour, inyuma y’aho avugiye ko abadipolomate b’ico gihugu mu makungu bafise ubukene bw’amafaranga kuko bamaze amezi bataronswa imishahara.

Ku musi wa gatatu, Ibrahim Ghandour yabwiye abashingamateka ko ubukene bw’amafaranga igihugu kirimwo bwatumye habura n’amafaranga yo kuriha ibiro abaserukira ico gihugu bakoreramwo mu mahanga kandi bamwe bipfuza gutahuka mu gihugu cabo.

Igihugu ca Sudani kiri mu bukene bw’amafaranga y’agaciro. Inyuma y’aho Reta zunze ubumwe z’Amerika zikuriyeho ibihano ku bidandazwa mu kwezi kwa cumi, ico gihugu cari gifise icizere ko ubutunzi bugiye kwisununura, ariko nta cahindutse, eka n’abanyamitahe ntibahurumbiye ico gihugu.

Ibintu vyunyutse igihe Sudani y’epfo cavuka mu mwaka wa 2011, bituma gitakaza amafaranga menshi yava mu gitoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG