Uko wahagera

Igihugu ca Swaziland Cahindutse eSwatini


Umwami wa Swaziland Mswati III, mu birori batamba intambo kavukire i Mbabane, Swaziland, itariki 03/09/2012.
Umwami wa Swaziland Mswati III, mu birori batamba intambo kavukire i Mbabane, Swaziland, itariki 03/09/2012.

Umwami wa Swaziland, Mswati wa III yatangaje ko igihugu ciwe kigiye guhindurwa izina kikitwa Ubwami bwa eSwatini. Ivyo yabitangaje igihe bariko bibuka imyaka 50 irangiye cikukiye ku ntwaro y’Ubwongereza.

Iryo zina rishasha eSwatini rikuwe kuri reta iri hagati ya Afurika y’epfo na Mozambike.

Umwami Mswati wa III yatangaje iryo zina rishasha aho yari muuri sitade yo mu gisagara kigira kabiri Manzini bahimbaza intahe yo kwikukira. Yavuze ko igihe ibihugu vya Afurika vyikukira, bimwe vyasubiranye amazina vyahoranye imbere y'uko bija mu bukoloni.

Umwami Mswati, azwi kandi kw’izina rya Ngwenyama, canke "intambwe". Afise abagore 15, mu gihe se amuvyara Sobhuza II, yari afise abagore 125 mu gihe c’intwaro yiwe.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG