Uko wahagera

Bamwe mu Bagize Reta Bahinduwe mu Burundi


Perezida w'Uburundi, Pierre Nkurunziza igihe Uburundi bwibuka imyaka 55 bumaze bwikukiye, Bujumbura, Burundi, itariki 1/07/2017.
Perezida w'Uburundi, Pierre Nkurunziza igihe Uburundi bwibuka imyaka 55 bumaze bwikukiye, Bujumbura, Burundi, itariki 1/07/2017.

Alain Aimé Nyamitwe, Nestor Bankumukunzi, Dr Josiane Nijimbere hamwe na Celestin Ndayizeye ntibakiri muri Reta y'Uburundi. Ni inyuma y’ihinduka rya reta ryakozwe na Perezida Nkurunziza kuri uno wa kane igenekerezo rya 19, ukwezi kwa kane 2018 mu Burundi.

Bashasha binjiye muri iyi reta nshasha ni Ezechiel Nibigira yahoze ari umukuru w’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi. Yasubiriye Alain Aimé Nyamitwe mu Bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu.

Gaspard Banyankimbona, yahoze arongoye kaminuza y’Uburundi yagenwe kuba umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi. Evelyne Butoyi yari Senateri, yahawe kurongora ubushikiranganji bujejwe urwaruka, amaposita mu gihe Thadee Ndikumana yahoze ari umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu yagenwe gutwara ubwo bushikiranganji nyene hamwe na Jean Marie Niyokindi yahawe ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi.

Iyi reta ihinduwe mugihe ata kwezi gusigaye ngo Uburundi bwinjira mw’itora ryo kwemeza canke guhakana ko ibwirizwa shingiro rihinyanyura ritegekanijwe kw'itariki ya 17 y'ukwezi kwa gatanu, umwaka wa 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG