Uko wahagera

Abadiplomate ba Sudani Bazatahuka Kubera Badahembwa


Perezida wa Sudani Omar al-Bashir ashika ku kibuga c'indege kwakira mugenzi we Salva Kiir Mayardit ku kibuga c'indege i Khartoum, itariki 1/11/2017.
Perezida wa Sudani Omar al-Bashir ashika ku kibuga c'indege kwakira mugenzi we Salva Kiir Mayardit ku kibuga c'indege i Khartoum, itariki 1/11/2017.

Ubukene bw’amafaranga bwatumye abadipolomate ba Sudani bari mu makungu bamara amezi atari make bataronswa imishahara ku buryo bipfuza gusubira mu gihugu cabo. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Ibrahim Ghandour imbere y’inama nshingamateka.

Umushikiranganji Ghandour avuga ko imishahara ibategekanirijwe buri mwaka ingana n’imiliyoni 30 z’amadolari mugihe ubwo bushikiranganji bwose buhabwa na reta imiliyoni z’amadolari zirenga gato 69.

Igihugu ca Sudani kiri mu bukene bw’amafaranga y’agaciro. Inyuma y’aho Reta zunze ubumwe z’Amerika zikuriyeho ibihano ku bidandazwa mu kwezi kwa cumi, ico gihugu cari gifise icizere ko ubutunzi bugiye kwisununura. Nta cahindutse eka n’abanyamitahe ntibahurumbiye ico gihugu.

Ibintu vyunyutse igihe Sudani y’epfo cavuka mu mwaka wa 2011, bituma gitakaza amafaranga menshi yava mu gitoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG