Uko wahagera

Turukiya: Abakozi 3000 mu Gisikare Bagiye Kwirukanwa


Igiporisi ca gisirikare gifata uwagirizwa kugira uruhara mu gishaka gutembagaza ubutegetsi, Ankara, Turukiya, itariki 22/05/2017.
Igiporisi ca gisirikare gifata uwagirizwa kugira uruhara mu gishaka gutembagaza ubutegetsi, Ankara, Turukiya, itariki 22/05/2017.

Igisirikare ca Turukiya kigiye kwirukana abakozi baco bashika ku 3.000 bakekwa kuba baragize uruhara mu kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa gatandatu umwaka wa 2016. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’ico gihugu ajejwe kwivuna abansi.

Umushikiranganji Nurettin Canikli yashikirije kuri uyu wa gatatu ko abo bazokwirukanwa mu misi iri imbere.

Ankara yagiriza umunyedini, Fethullah Gülen, kuba ariwe ari hejuru muri uko kurondera gutembegaza ubutegetsi. Ariko Gülen, asanzwe aba muri Reta zunze ubumwe z’Amerika haraheze imyaka irenga 20 arahakana ko ataruhara na rumwe yabigizemwo.

Abantu barenga ibihumbi 55 barahagaritswe abandi barenga ibihumbi 140 barirukanwa mu buzi bagirizwa kugira uruhara muri uyo mugambi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG