Uko wahagera

Isirayeli Yibutse Imyaka 70 Ibayeho


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu ashikiriza ijambo mugihe igihugu cariko cibuka imyaka 70 kibayeho, itariki 18/04/2018.

Igihugu ca Isirayeli Cahimbaje kuri uyu wa gatatu imyaka 70 kimaze gishinzwe mu kwerekana inguvu zaco za gisirikare n’intambwe zikomeye mu vy’ubutunzi kimaze gushikako.

Ivyo ni mu gihe Isirayeli ihanganye n’abansi mu karere, n’ibibazo hagati mu gihugu.

Isirayeli yashinzwe kw’italiki cumi na zine z’ukwezi kwa gatanu mu mwaka w’i 1948. Yamara iyo taliki ihimbazwa muri iki gihe hisunzwe ikirangamisi c’abaheburayi. Mu gihe Isirayeli yariko itegura ibirori vy’ukwibuka italiki yashingiweko, yagabishije ko ishobora gutera igihugu ca Irani, bizirana urunuka.

Irani yatangaje ko igitero Isirayeli yagize ku kibanza ca Irani mu gihugu ca Siriya kizotegerezwa kuronka inyishu.

Ivyo vyatangajwe na Akbar Velayati, umujanama w’umutegetsi kizigenza wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei. Ivyo n’inyuma yuko abanya Irani indwi bapfuye mu gitero ca Isirayeli.

Kuva ingwano itanguye muri Siriya, ibitero bitari bike vyitiriwe Isirayeli vyarakozwe muri ico gihugu hakoreshejwe indege z’intambara. Yamara nkuko bisanzwe Isirayeli ntiyemeje canke ngo ihakane ivyerekeye ivyo bitero.

Yamara mu kwezi kwa kabiri, Isirayeli yaremeye, mu bwabaye ubwa mbere, ko yarashe za misile mu bibanza vy’igihugu ca Irani muri Siriya, inyuma yuko indege itagira umudereva ya Irani yinjiye mu kirere ca Isirayeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG