Kuri uyu wa kabiri hari hakiri igipfungu ku bijanye no kumenya nimba umurwi w’abahinga mpuzamakungu bakora amatohoza boba barashitse mu gisagara ca Douma muri Siriya gutohoza nimba harakoreshejwe ivyuka vy’ubumara mu gitero cabaye haraheze imisi cumi.
Televiziyo ya reta ya Siriya hamwe n’ishirahamwe White Helmets ry’abafasha gutabara vyatangaje ko uwo murwi washitse i Douma.
Ariko umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Heather Nauert yavuze ku muhingamo w’ejo ku musi wa kabiri ko uyo murwi utarashika i Douma..
Abo bagenduzi bari bashitse muri Siriya ku musi wa gatandatu, inyuma y’umusi umwe Reta zunze ubumwe z’Amerika, Ubwongereza hamwe n’Ubufaransa bateye Misile mu bibanza bihingurirwamwo ivyo vyuka vy’ubumara. Bagishika ntibashotse bemererwa kwinjira i Douma, hafi y’umurwa mukuru Damas.
Facebook Forum