Uko wahagera

USA: Umutamakazi Barbara Bush Yitavye Imana


Barbara Bush

Barbara Bush, umukenyezi w’umwe mu bahoze barongoye Reta zunze ubumwe z’Amerika, yitavye Imana kuri uyu musi wa kabiri afise imyaka 92 y’amavuko.

Ibiro vy’umugabo wiwe, George Herbert Walker Bush, vyari vyatangaje ku musi w’Imana ko uwo mutamakazi w’imyaka 92 yafashe ingingo yo kuvanwa mu bitaro inyuma yo gutwarwayo incuro zitari nke, kandi inyuma yo kuvugana n’umuryango wiwe hamwe n’abaganga bamukurikirana.

Televiziyo CNN yo muri Amerika yavuze ko yari abangamiwe n’indwara zo mu mahaha hamwe no mu mutima.

Yari amaze imyaka 73 yubakanye na George Bush, yahoze ari perezida w’Amerika kuva mu mwaka w’1989 gushika mu 1993.

Barbara Bush yari amaze imyaka 25 mu bikorwa vyo gufasha aho yari afise Fondation yitiriwe izina ryiwe, yatororokanya imiliyoni z’amadolari yafashije kwigisha abantu gusoma no kwandika muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG