Uko wahagera

Abaporisi 4 Barishwe n'Abitwaje Ibirwanisho muri Nijeriya


Umuporisi muri Nijeriya mu gihe c'imigumuko i Lagos, muri Nijeriya, Itariki 1/05/2014.

Abaporisi bashika kuri bane barishwe mu gitero cakozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho muri reta ya Benue, hagati muri Nijeriya, ahamaze imisi haba ubwicanyi hagati y’abarimyi n’aborozi bapfa ubutaka, aho abantu baharurwa mu majana bamaze kwicwa kuva mu kwezi kwa mbere. Ivyo vyashikirijwe n’igiporisi ejo ku musi wa mbere.

Hambavu y’ivyo, abasirikare b’inseruka rukamvye barasubije inyuma ku musi wa mbere igitero cari gitumbereye mu mihana ya Yogbo, muri zone ya Guma yo muri iyo reta, bica abarwanyi bane.

Kuva mu ntango z’umwaka, amareta yo hagati muri Nijeriya yamamwo intureka hagati y’abarimyi hamwe n’aborozi barwanira ubutaka hamwe n’amazi.

Reta ya Perezida Muhammadu Buhari yararungitse abasirikare mu ma reta menshi, harimwo n’iyo ya Benue, kugira bagerageze guhagarika ubwo bwicanyi hagati y’abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG