Uko wahagera

Uganda Kirashobora Kuzokwakira Impunzi 500 z'Abanyafrika ziri muri Isirayeli


Abimukira b'Abanyafrika bigaragamvya muri Isirayeli
Abimukira b'Abanyafrika bigaragamvya muri Isirayeli

Reta y’igihugu ca Uganda yatangaje, uno musi ku wa gatanu, ko ishobora kwakira Abanyafrika 500 barondera ubuhungiro bavuye mu gihugu ca Isirayeli. Isirayeli ishaka kwimura Abanyafrika ibihumbi n’ibihumbi, bagizwe cane cane n’abanya Eritreya hamwe n’Abanyasudani. Reta ya Isirayeli itangaza ko binjiye mu gihugu mu buryo butarekuriwe n’amategeko.

Umushikiranganji wa Reta ajejwe gutabara, kurwanya ibiza hamwe n’ibijanye n’impunzi, Musa Ecweru, yemeje ivyasabwe na Reta ya Israyeli mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru uno musi ku wa gatanu.

Atangaza ko abategetsi ba Isirayeli basavye abategetsi b’igihugu ca Uganda kwemerera impunzi z’abanya Eritreya n’Abanyasudani zigera ku 500 kwimurirwa muri ico gihugu. Amenyesha ko Reta ya Uganda iriko irihweza ivyasabwe n’abategetsi ba Isirayeli.

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho impunzi, HCR, rimenyesha ko Abanyafrika basaba ubuhungiro bagera ku bihumbi bine bavuye ku gushaka kwabo muri Isirayeli baja mu bihugu vya Uganda n’u Rwanda kuva mu mwaka w’i 2013. Amakuru ivyo bihugu bibiri vyabandanije guhakana.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru uno musi ku wa gatanu, umushikiranganji wa Reta ajejwe gutabara, kurwanya ibiza hamwe n’ibijanye n’impunzi, Musa Ecweru, yahakanye ibivugwa ko hari amasezerano yabaye mu mpisho hagati y’ibihugu vya Uganda na Isirayeli ku kibazo c’Abanyafrika basaba ubuhungiro bari muri Isirayeli.

Isirayeli yakiye Abanyafrika basaba ubuhungiro bagera ku bihumbi mirongo ine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG