Uko wahagera

Somaliya: Abantu 4 Barishwe na Bombe muri Stade i Barawe


Barawe, Somaliya
Barawe, Somaliya

Abantu bashika kuri bane barishwe na bombe yaturikiye mu kibuga c'umupira w'amaguru igihe abantu bariko babarorera urukino rwahuza imirwi y'umupira w’amaguru mu bumanuko bwa Somaliya, mu ntara ya Lower-Shabelle kuri uyu wa kane. Ivyo vyatangajwe n’abategetsi bajejwe umutekano.

Icegera ca Komiseri w’igisagara ca Barawe, Bashir Mohamed Yusuf hamwe n’abaganga bavuga ko abantu 13 bakomerekejwe n’iyo bombe muri ico gisagara kiri ku birometero 220 mu bumanuko bushira uburengero bw’umurwa mukuru Mogadishu.

Yusuf avuga kandi ko iyo bombe yari yatezwe mu gice c’ubwugamo bw’abategetsi mu ntumbero yo kwica abategetsi bo muri ako karere, ariko ko Imana yakinze ntibashikirwa kuko bari bicaye mu bundi bwugamo, ibona guhitana bamwe mu bakinyi n’abarorerezi.

Barawe ni igisagara kiri ku kivuko kandi gicumbitsemwo inteko z’umuryango w’ubumwe bw’Afrika, AMISOM muri ako karere.

Nta n’umwe ariyitiririra ico gitero, ariko abarwanyi ba al-Shabab nibo bama bagavye ibitero nk’ivyo muri iyo ntara no mu gihugu ca Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG