Uko wahagera

Umuyobozi wa HCR Filippo Grandi Yarangije Urugendo mu Burundi


Umuyobozi mukuru wa HCR Filippo Grandi

Mu gusozera urugendo rwiwe mu Burundi, Filippo Grandi, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi HCR, yagendeye impunzi z’abanyekongo ziri mw’ikambi ya Musasa, muri komine ya Kiremba y’intara ya Ngozi. Impunzi zasavye gukemurirwa ibibazo bijanye n’imfungurwa, amagara y’abantu no kwungururizwa mu gihugu ca gatatu.

Filippo Grandi yagendeye ikambi y’impunzi z’abakongomani ya Musasa avuye i Bujumbura aho yiriwe arabonana n’abategetsi bakuru bakuru b’igihugu uhereye ku mukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Yagendeye impunzi zifise ibibazo vyinshi zipfuza ko HCR ikemura. Muri ivyo bibazo, ikijanye n’imfungurwa kiza kw’isonga.

Izo mpunzi ziharurwa mu bihumbi 8000 zivuga ko haciye imyaka 3 zitaronka ibikoresho vyo mu nzu, ikizuku co gukinjika ibifungurwa bike baronka kikaba kidakwiye. Abo banyekongo bahawe ubuhungiro mu Burundi bavuga ko n’ibikorwa vyo guhabwa igihugu kigira 3 cobakira bitariko bigenda neza.

Umuyobozi mukuru wa HCR avuga ko yazanwe no gushimira igihugu cabakiriye, no gutera akamo abatanga imfashanyo kugira babandanye bongereza. Grandi yemeye ko bagiye gufasha kugira impunzi zishobore gukora ibikorwa bizibeshaho zitazeye inze ku mfashanyo ya buri igihe.

Mu gusozera urugendo rwiwe, Filippo Grandi yaciye ku mutumba wa Higiro, muri komine Gasorwe y’intara ya Muyinga. Kuri uyo mutumba yagendeye abaheruka guhunguka ku gushaka kwabo bavuye mu gihugu ca Tanzaniya.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Jean Bosco Ndarurinze yakurikiranye uru rugendo.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:54 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG