Uko wahagera

USA: Umukuru w'Inama Nshingamateka Paul Ryan Ntazosubira Kwitoza


Umukuru w'Inama nshingamateka ya Amerika, Paul Ryan
Umukuru w'Inama nshingamateka ya Amerika, Paul Ryan

Umukuru w’inama nshingamateka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Paul Ryan ntazosubira kwitoza mu kwezi kwa 11: Ivyo rero birateye amakenga abahurikiye mu mugambwe w’abaRepublika bavuga ko bizotuma batazosubira kuronka igitigiri kinini mu nama nshingamateka.

Mu kigniro yahaye abamenyeshamakuru, Ryan uyu musi wa gatatu, yatangaje kw’agiye gufata akaruhuko ko mu za bukuru, inyuma y’amezi atari make yar’aheze ayo makuru anugwanugwa.

Uyo tegetsi aserukira intara ya Wisconsin yatanguye kuba umukuru w’inama nshingamateka mu mwaka w’2015. Yatanguye gukora mu nama nshingamateka mu mwaka w’1999.

Umuhanuzi wiwe, Brenda Buck yatangaje ko Ryan azoguma mu mabanga yiwe gushika mu kwezi kwa mbere, arinaco gihe azoca atangurira akaruhuko ko mu za bukuru. Yavuze ko Ryan yaranguye vyinshi mu nama nshingamateka, none ubu igihe cageze c’uko yitaho umuryango wiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG