Uko wahagera

Abantu 257 Bapfuye mu Mpanuka y'Indege ya Gisirikare muri Alijeriya


Ikibanza indege ya gisirikare y'igihugu ca Alijeriya yagiriyemwo isanganya

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi mu gihugu ca Alijeria, bwatangaje ko indege ya gisirikare itwara abantu, yarimwo abasirikare yagize isanganya uyu musi ku wa gatatu, ihitana ubuzima bw’abantu 257.

Ubwo bushikiranganji buvuga kw’iyo ndege yakorotse ikiva hasi, hafi y’ikibanza c’indege ca gisirikare mu gisagara ca Boufarik, kiri ku birometero 25 amaja mu bumanuko bushira uburengero bw’umurwa mukuru Alger.

Abantu baguye muri iyo n’247 bagwiriyemwo abasirikare hamwe n’imiryango yabo, abadereva hamwe n’abakora mu ndege 10.

Ibiziga vy’abo bantu vyatwawe mu bitaro vya gisirikare mu gisagara ca Ain Naddja, kugira imiryango yabo ishobore kumenya abayo baguye muri iyo ndege, nk’uko ubwo bushikiranganji bubivuga.

Vyari bitegekanijwe kandi ko iyo ndege ija mu gisagara ca Tindouf kiri mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu ca Alijeriya. Gushika ubu icatumye iyo ndege ikoroka ntikiramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG