Uko wahagera

USA:Trump Abandanya Kwiyamiriza Amatohoza ku Ruhara rw'Uburusiya


Prezida wa Amerika, Donald Trump
Prezida wa Amerika, Donald Trump

President wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump uyu musi ku wa gatatu yiyamirije amatohoza yerekeye uruhara rw’igihugu c’Uburusiya mw’isekeza ryiwe ryo kwiyamamariza amatora yo mu 2016; amatohoza avuga kw’atigera arangira.

Mu butumwa butavanako yacishije ku kibanza candikirwako amakuru Twitter, Trump yiyamirije ibiro vya Reta ya Amerika vy’inyamiramabi FBI, vyagiye gusaka kw’ihoteri hamwe no ku biro vy’umushingwamanza wiwe Michael Cohen, maze bigatwara inzandiko zirimwo imitahe hamwe n’amafaranga yarishwe umukenyezi Stormy Daniels hamwe n’uwundi mukenyezi atamba yambaye ubusa, Karen McDougal, kugira bagumye ibanga ku birego bivuga ko bagiraniye ibiterasoni na prezida Trump mu mwaka 2006.

Prezida Trump wewe yarihakanye abo bakenyezi.

Trump yabandanije kandi guhakana ko we hamwe n’abategetsi bari bajejwe isekeza ryiwe ryo kwimamariza amatora y’umukuru w’iigihugu mu mwaka w’i 2006, yakoranye n’igihugu c’Uburusiya, kugira ngo kimufashe gutsinda ayo matora.

Trump yavuze ko mur’iki gihe, ibiro FBI vyarenze akarimba mu kuja gusaka ibiro vy’umushingwamanza wiwe, birondera amakuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG