Uko wahagera

USA: Vyogenda Gute Trump Akuye Umushingwamanza Robert Mueller?


 Robert Mueller ni umushingwamanza adasanzwe
Robert Mueller ni umushingwamanza adasanzwe

Perezida w’Amerika arafise ububasha bwo gukura mu mabanga umushingwamanza adasanzwe, Robert Mueller, asanzwe ariko aratohoza ku ruhara Uburusiya bwagize mu guhungabanya amatora y’umukuru w’igihugu bubifashijwemwo n’abari murwi wariko ufasha Trump kwiyamamaza. Ivyo vyatangajwe na Peresidansi y'Amerika kuri uyu wa kabiri.

Abahinga batari bake mu vy’amategeko bavuga ko Trump ashobora gufata iyo ngingo abicishije kuri Rod Rosenstein, icegera c’umushikiranganji w’ubutungane, ashobora kumubera intambamyi ntavyemere.

Bamwe mu basenateri bo mu migambwe y’Abademokrate n’Abarepublikani muri kongere y’Amerika baragabisha ko mugihe ivyo vyoba, ubutegetsi bwa Trump bwohungabana kandi bamwe ntibatinya no kuvuga ko yoba nk’uwiyahuye.

Abakozi b’ibiro FBI barashize mu bikorwa umutahe w’ugusaka ibiro vya Michael Cohen n’ihoteri yabamwo. Ivyo ni mu ntumbero y’ugufata inzandiko zijanye n’ivy’amafranga hamwe n’izindi nzandiko, harimwo izijanye n’amadolari ibihumbi ijana na mirongo itatu Cohen yahaye Stormy Daniels akina amareresi arimwo imibonano mpuzabitsina.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG