Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yakuyeho ibihano yari yarafatiye Chad vyo kwima uburenganzira Abanyagihugu baco kwinjira muri Amerika. Chad ni kimwe mu bihugu birwiriyemwo Abayisilamu, abanyagihugu bavyo bahagaritswe gufata ingendo muri Amerika, vyagirizwa kuba intambamyi ku mutekano w'Amerika.
Ibiro vy’umukuru w’igihugu, White House, vyavuze kuri uyu wa kabiri ko igihugu ca Chad cateye intambwe zishimishije mu bijanye no guhanahana amakuru na Reta zunze ubumwe z’Amerika, bisigura ko gikwije ivya nkenerwa bisabwa ku mutekano w'Amerika.
Chad cari cafatiwe ivyo bihano hamwe n’ibindi bihugu arivyo Irani, Libiya, Koreya ya ruguru, Somaliya, Siriya na Yemeni.
Facebook Forum