Uko wahagera

Abimukira b'Abanyafrika muri Isirayeli Bari Muyabira


Israel African Migrants

Abimukira b’Abanyafrika bari muri Israyeli barafise ubwoba kuri kazoza kabo inyuma y’indwi iheze umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, Benjamin Netanyahu ahagaritse umugambi yari yumvikanyeko n’ibindi bihugu vya Buraya wari ugamije gukemura ikibazo cabo.

Muri ayo masezerano hamwe n’ishami rya ONU ryita ku mpunzi HCR, bari bemeranije ko ica kabiri c’abimukira ibihumbi 32,500 bari muri Isirayeli bari guhabwayo ubuhungiro, abandi basigaye bagatwarwa mu bihugu vyo mu burengero bw’isi, vya Buraya ku mfashanyo ya ONU.

Abo bimukira b’Abanyafrika hamwe n’amashirahamwe aharanira agateka kabo yari yizeye ko hari habonetse inzira yo gutorera inyishu ico kibazo. Ayo masezerano yari yasubiriye umugambi reta ya Isirayeli yari yatangaje mu ntango z’uyu mwaka wo gutahukana mu bihugu vyabo abimukira baba muri Isirayeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG