Uko wahagera

Umupatiri Yarishwe n'Abakekwa kuba aba "Mai Mai" mu Buseruko bwa RDC


Umupatiri ariki aratanga Ikaristiya mu kambi y'abateshejwe izabo mu micungararo ya Goma, muri Kivu y'Uburaruko, itariki 25/11/2012.
Umupatiri ariki aratanga Ikaristiya mu kambi y'abateshejwe izabo mu micungararo ya Goma, muri Kivu y'Uburaruko, itariki 25/11/2012.

Umupatiri katolika yarishwe ku musi w’Imana n’abakekwa kuba ari imirwi yitwaje ibirwanisho, ahejeje gusoma imisa mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo. Ivyo vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP ku makuru ryakuye mu burongozi bw'ishengero.

Patiri Étienne Sengiyumva, wo kuri paroisse ya Kitchanga, yishwe n’aba Maï-Maï Nyatura, i Kyahemba aho yariko ashikiriza inkuka y’imisi y’urubatizo no guhezagira ubugeni, ivyo vyashikirijwe na patiri Louis de Gonzague Nzabanita, wo muri diyoseze y’i Goma mu ntara ya Kivu y’uburaruko.

Umuhari w’aba "Maï Maï" Nyatura urwanira Abahutu bavuga ikinyarwanda bo mu buraruko bw’intara ya Kivu.

Kyahemba ni agace kari muri territoire ya Masisi, ku birometero 87 mu bumanuko bushira uburengero bwa Goma, umurwa mukuru wa Kivu y’uburaruko, kagenzurwa n’aba Mai Mai, aho ata muporisi canke umusirikare wa Kongo aharangwa.

Ku musi wa gatanu, uwundi mupatiri, Célestin Ngango, yaranyurujwe n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye, arekurwa ar’uko hatanzwe amafaranga, muri territoire ya Rutshuru aho abandi basivile batatu banyurujwe batako baricwa n’ababatwaye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG