Uko wahagera

Somaliya: Amafaranga Ateye Amakenga Yafatiwe ku Kibuga c'Indege


Indege yikorera imizigo iriko irapakurura ku kibuga c'indege i Mogadishu, Somaliya, itariki 08/08/2011.
Indege yikorera imizigo iriko irapakurura ku kibuga c'indege i Mogadishu, Somaliya, itariki 08/08/2011.

Abategetsi bajejwe umutekano muri Somaliya bamenyesha ko bafashe umukama munini w’amafaranga yashitse ku musi w’Imana ku kibuga c’indege c’i Mogadishu avuye i Abu Dhabi, muri Emira Arabe Unie.

Abategetsi babiri ba Somaliya bajejwe umutekano babwiye Ijwi ry’Amerika ko isakoshi zitatu zirimwo imiriyoni 9.6 z’amadolari y’Abanyamerika yaciye abikwa muri banki nkuru y’igihugu mugihe hagikorwa amatohoza.

Uwundi mutegetsi yavuze ko ambasaderi, Mohammed Ahmed Othman Al Hammadi, intumwa ya Emira Arabe Unie i Mogadishu, yari ku kibuga c’indege kwakira ayo mafaranga.

Yavuze ko abegereye Al Hammadi bagerageje kuyatwara ariko babanje gusabwa ko izo sakoshi zibanza gucishwa mu vyuma kugira barabe ibirimwo.

Al Hammadi yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ayo mafaranga yari agenewe ubushikiranganji bwa Somaliya bwo kwivuna abansi, ko yari imishahara y’abasirikare ba Somaliya.

Abategetsi ba Somaliya bavuga ko ayo mafaranga atari ayo igisirikare kuko ngo umushahara w’abasirikare udashikana umuriyoni w’Amadorari y’Abanyamerika mugihe ayandi ahakwa kungana imiriyoni cumi.

Bashikiriza ko amatohoza azogaragaza ko ayo mafaranga atoba yari azanwe guhungabanya umutekano w’igihugu.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG