Abasirikare babiri ba ONU muri Mali barishwe abandi cumi barakomereka ku musi wa kane mw’ijoro mu gitero cagabwe ku kambi yabo iri i Aguelhok, mu buraruko bushira ubuseruko, ivyo vyashikirijwe n’umurwi wa ONU muri Mali, Minusma.
Iryo tangazo rivuga kandi ko Minusma yaciye yihuta gutwara abasirikare bakomeretse kwa muganga no gukomeza umutekano kur’iyo kambi, ariko nta bwenegihugu bw’abo basirikare bapfuye bwatangajwe.
Uwo murwi wa ONU wibukije ko ibitero ku basirikare bashinzwe kubungabunga amahoro bishobora gushirwa mu murwi w'ivyaha vyo mu ntambara, hisunzwe amategeko mpuzamakungu kandi ababikoze bakazorengutswa imbere y’ubutungane.
ONU yemeza kandi ko izobandanya utwigoro twayo two kugarukana amahoro n’umutekano urama muri Mali. Abakoze ico gitero ntibaramenyekana.
Facebook Forum