Uko wahagera

Abantu 12 Baguye mu Mpanuka y'Imodoka muri Tanzaniya


Abantu 12 bapfuye abandi 46 barakomereka, mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu, mu buraruko bw’igihugu ca Tanzaniya. Bisi barimwo yasekanye n’ikamyo itwara ibidandazwa. Ayo makuru yatangajwe n’igipolisi c’igihugu uno musi ku wa kane.

Iyo mpanuka yabaye hafi y’isaha zitanu n’iminuta mirongo itatu zo mw’ijoro ahitwa Makomero, mu gice ca Igunga, mu ntara ya Tabora.

Abantu 12 barapfuye, cumi muri bo buno nyene, mu gihe abandi babiri bapfuye mu gihe bari bajanywe mu bitaro. Abantu 46 barakomeretse, batatu muri bo bikomeye cane, bajanywe mu bitaro.

Ikamyo yari itwaye ibiraya yarataye inzira yayo inyuma yuko ipine rimwe ryayo imwe ivuyemwo, ica iseka bisi yari itwaye abantu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG