Uko wahagera

Sierra Leone: Julius Maada Bio Yarahiriye kuba Perezida


Julius Maada Bio arahira kuba umukuru w'igihugu mushasha wa Sierra Leone, Freetown, itariki 5/04/2018
Julius Maada Bio arahira kuba umukuru w'igihugu mushasha wa Sierra Leone, Freetown, itariki 5/04/2018

Julius Maada Bio yararahiye mu mabanga ya perezida mushasha w’igihugu ca Sierra Leone. N’inyuma yuko atsinze incuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu.

Bio yarahiye gatoyi imbere y’isaha zitandatu zo mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu, gatoyi inyuma yuko umurwi ujejwe amatora mu gihugu utangaje ko ariwe yatsinze amatora yo ku musi wa gatandatu.

Bio ayoboye umugambwe Sierra Leone People’s Party, akaba yigeze kuba umusirikare mukuru, yatsinze hafi y’ibice 52 kw’ijana vy’amajwi. Yatsinze Samura Wilson Kamara yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire wo mu mugambwe, All People’s Congress. Kamara yaronse ibice birenga gatoyi 48 kw’ijana vy’amajwi.

Mu ncuro ya mbere y’amatora yabaye kw’italiki indwi z’ukwezi kwa gatatu, nta mukandida n'umwe yashikanye ibice 55 kw’ijana vy’amajwi vyasabwa n’ibwirizwa shingiro kugira umukandida atahire intsinzi.

Abantu imiliyoni zitatu n’ibihumbi ijana bariyandikishije gutora nkuko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP.

Julius Maada Bio, yagize urugamba rw’ukurwanya ruswa ikibazo nyamukuru mu gikorwa ciwe c’ukwiyamamaza, yasubiriye Ernest Bai Koroma yarangije ibiringo bibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG