Uko wahagera

Trump Agiye Kurungika Abasirikare ku Rubibe na Mexique


Perezida Donald Trump aramutsa abasirikare igihe yashika i Carolina, Puerto Rico, itariki 3/10/2017.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump yategetse kur’uyu wa gatatu kurungika vuba abasirikare baja gufasha abandi gucungera urubibe Amerika ihana na Mexique kugira bahagarike abimukira binjira mu mpisho.

Iyo ngingo yo kurungika abasirikare kuri urwo rubibe ni ugutangura gushira mu ngiro umugambi wiwe wo guhasha abimukira. Ariko haracari ibibazo nko kumenya igitigiri c’abasirikare bazorungikwa, igihe bazorungikirwa, canke ico bagiye kuzokora vy’ukuri.

Amasaha make imbere y’uku iyo ngingo itangazwa, hari umurwi w’abimukira barenga igihumbi bamuka mu bihugu vyo muri Amerika yo hagati bari bashitse muri Mexique kugira binjire muri Amerika mu mpisho baciye bavavanura n’uyo mugambi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG