Uko wahagera

Sierra Leone: Julius Maada Bio Yatsinze Amatora


Julius Maada Bio, ariko aratora muri Sierra Leone mu gice ca kabiri c'amatora i Freetown, Sierra Leone, itariki 31/03/2018.
Julius Maada Bio, ariko aratora muri Sierra Leone mu gice ca kabiri c'amatora i Freetown, Sierra Leone, itariki 31/03/2018.

Julius Maada Bio w’imyaka 53 y’amavuko kandi yahoze mu gisirikare ca Sierra Leone niwe yatahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu.

Yatangajwe ko yatsinze ku mugoroba wo kur’uyu wa gatatu mu gice ca kabiri, inyuma yo guhiganwa mu matora yabaye kw’itariki 31 z’ukwezi kwa gatatu, aho yahiganwe na Samura Kamara, yahoze ari umushikiranganji mur’ico gihugu.

Bio, yatsinze ku majwi 51,81 kw’ijana, mu gihe uwo bahiganwe Samura Kamara yaronse amajwi 48,19 kw’ijana.

Igihe yiyamamaza yemereye abanyagihugu ko agiye gusubiramwo ibitari bike mu gisata c’ubutare hamwe n’uburusho buhabwa amakompanyi y’abanyamahanga kandi yemera ko kwiga mu mashure mato mato n’ayisimbuye bizoba ku buntu.

Yavutse kw’itariki 12 z’ukwezi kwa gatanu, umwaka w’i 1964 i Tihun, mu ntara ya Bonthe, mu bumanuko bushira uburengero, Julius Maada Bio ari mu bwoko bw’aba Mende. Ni umuyoboke mw’idini rya katolika, yubakanye n’Umukenyezi w'umuyisilamu, kandi afise abana bane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG